ZeKrtvBible
Engaging • Creative • Emotional
ZeKrtvBible
ICO URI Hamwe N’ICO WAREMEWE | Umusi wa 2: KUBERA IKI YAKUREMYE UKO?
Dusomere hamwe: Efeso 2:10 'Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.’’
Ibaze kuri : Terefone, Imashine, Ecouteur canke Iradiyo uriko urakoresha mu kwumviriza aya majwi, boba babikoze ngo tubigure gusa?Oya Sinibaza! Ariko kuba warabiguze, nuko hari ikibazo biriko biragukemurira. Nawe Imana Itakuremye mu buryo butangaje, iguha ubumenyi, impano, ubwenge, personalite.. ngo ubeho gusa, ariko yakuremye ngo uze ukore ibikorwa vyiza yaguteguriye kuva kera.
Ndakubaze? Ni ikihe kintu uzi gukora canke kikuryohera gukora naho coba kimwe? Ni izihe mpano canke ubumenyi ufise? Wobikoresha gute mu gukemura ikibazo ababanyi bafise?
Isengesho: Data mw’Izina rya Yesu Kristo, warakoze kumpa ubu bumenyi, izi mpano, iyi personalite n'ubu bwenge. Ndagusavye ngo umpishurire ibikorwa vyiza wandemeye gukora. Ndagusavye umpe n’ inguvu zo kubikora. Amen