ZeKrtvBible
Engaging • Creative • Emotional
ZeKrtvBible
ICO URI Hamwe N’ICO WAREMEWE | Umusi wa 3: INKOMEZI ZAWE...
Dusomere hamwe: 1 Petero 4:10 'Umwe wese akoresha ingabire yose yahawe n’Imana ku nyungu z’abandi. Muzikoreshe nk’abizigirwa b’Imana bagabura ubuntu bw’Imana bw’uburyo bwinshi. '
Nk’ubu: Ushobora gusanga uzi gutwenza abantu bose, uzi kwitwararika abandi, uri creative cane, uzi kwumviriza abandi, uri wamuntu yama afise ivyo avuga,.. Ivyo ntubishoboye kubw ubusa, Imana yabigushizemwo kubw’Impamvu kanaka, kugirango ubere umugisha abandi canke kuzana impinduka. Ntukazimye itara ryawe canke ngo unyegeze izo mpano. Isi irafise ibibazo ari wewe wenyene ubifitiye inyishu.
Uwu niwo mwanya wawe: domeka itara, genda umurikire abakeneye umuco. Genda wumvirize umugenzi, mutwenze, mwitwararike,..
Dusenge: Data ndagushimiye ku mpano wampaye, mfasha kuzimenya no kuzikoresha mu gufasha abandi kubw’icubahiro cawe. Mw’Izina rya Yesu Kristo, Amen.