ZeKrtvBible

ICO URI Hamwe N’ICO WAREMEWE | Umusi wa 5: INGENE KAZOZA KAWE ARI KEZA!

ToChristAlone

Dusomere hamwe: 2 Ab’i Korinto 5:17 'Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.'


Twese turisanga dufise ibihe canke ama kosa twipfuza gufuta mu buzima bwacu.Rimwe na rimwe twisanga twatanguye kuza turiyita kahise. Gusa nyene menya ko Imana itakubabarira nk’uko wobabarirwa n’umuntu. Iyo uyisavye imbabazi, ntiziguha gusa, ahubwo iranafuta ivyo wakoze. Nturi ivyo wakoze muri kahise, Uri Icaremwe gisha, uwahariwe n’Imana, uwidegemvya wawundi Imana Ikunda cane.


Har’ivyo wakoze canke wakorewe muri kahise bikikuremera? Shira hasi, bihe Imana ivyikorere, ibifute wibere mu buntu bwayo bwinshi.


Dusenge: Mwami Yesu, ndagusavye umfashe wikorere kahise kanje kugira nshobore kubaho gushasha nk’icaremwe gisha cawe. Amen

Support the show