ZeKrtvBible
Engaging • Creative • Emotional
ZeKrtvBible
ICO URI Hamwe N’ICO WAREMEWE | Umusi wa 6: URI UMUCO KANDI REKA KUBINYEGEZA!
•
ToChristAlone
Dusome: 'Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru. ' Matayo 5:16
Ntiwaremewe kunyegera! Uri mu muryango urimwo, aho usengera, mu bagenzi, mu kazi, kugira ubabere umuco. Iyo uriko urakoresha impano zawe, bwa bwenge, bwa bumenyi, uba uriko urabaho ico waremewe. Kuba Wamuco kubw’Icubahiro c’Imana.
Uyu musi uze kugerageza uronke ingene ubera abandi umuco mu nyifato, mu kubabwira amajambo meza, mu gukora ibikorwa vyiza, mu kubasengera...
Dusenge: Mwami Yesu, unkundishe kuba umuco kubw’icubahiro cawe. Amen!