ZeKrtvBible

ICO URI Hamwe N’ICO WAREMEWE | Umusi w'7: KAZOZA KAWE KARI MU BIGANZA VYIZA!

ToChristAlone

Dusome : 'Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, ni jewe Uhoraho mbivuze, kw ar’ ivyiyumviro vy’amahoro, atar’ ivy’ ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mw iherezo ryanyu. ' Yeremiya 29:11


Hari aho uca mu bihe bigoye kugeza aho wumva umengo shaa, ntaco nzovamwo nukuri! Ariko Imana ntiyihenda, igufitiye imigambi myiza cane. Bikubanye vyinshi ukumva worira, urire, ariko ntiwemere satani akwibagize uku kuri: kazoza keza karakurindiriye kuko kari mu biganza vy’Iyisumba vyose kandi Ihoraho.


Reka wandike hafi rino jambo mu ndome nkuru uti :IMANA YANJE NTIYIHENDA! KANDI IMFITIYE IMIGAMBI MYIZA CANE. Aya niyo majambo ukwiye kwama wiyibutsa buri musi.


Dusenge: Data mw’izina rya Yesu Kristo, ndagushimiye kubw imigambi myiza umfitiye. Reka umpe kugendera muri uku kuri. Amen



Support the show