ZeKrtvBible

Matayo 25:14-30 | Inspiring Wednesday

ToChristAlone Episode 1

Use Left/Right to seek, Home/End to jump to start or end. Hold shift to jump forward or backward.

0:00 | 2:18

Umugani w’ababikijwe italanto

14. Bizoba nk’ivy’ umuntu agira agende mu mahanga, ahamagara abantu biwe, abasigarana ivyo atunze.  15. Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi imwe, uk’ umuntu wese ashobora, aja mu mahanga. 16. Uwo mwanya uwahawe italanto zitanu aragenda arazicurūza, yungukamw’ izindi talanto zitanu. 17. N’uwa zibiri abigenza artyo, yungukamw’ izindi zibiri. 18. Arik’ uwahawe imwe arīgīra, yimba mu kuzimu, ahisha amahera ya shebuja. 19. Hashize igihe kirekire, shebuja w’abo bantu aragaruka, asuzuma ivyo yabasigaranye. 20. Uwari yahawe italanto zitanu araza, azana italanto zindi zitanu, ati Mugenzi, wari wansigaranye italanto zitanu, ehe nungutsemw’ izindi talanto zitanu. 21. Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja. 22. Haza uwari yahawe italanto zibiri, ati Mugenzi, wari wansigaranye italanto zibiri, ehe nungutsemw’ izindi talanto zibiri. 23. Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja. 24.Kandi haza uwahawe italanto imwe, ati Mugenzi, nari nkuzi k’ur’ umuntu w’ingāre, wimbura ivyo utārimye, ukumakuma ivyo utāsanzaje; 25. ndatinya, ndagenda mpisha italanto yawe mu kuzimu: ehe ngibi ivyawe. 26. Shebuja aramwishura, ati Wa muntu wanje mubi we, wa kinebge we, war’ uzi ko nimbura ivyo ntārimye, nkumakuma ivyo ntāsanzaje. 27. Nuko war’ ukwiye kujana amahera yanje mu bayacurūza, nanje nagaruka nkaronka ayanje n’inyungu yayo. 28. Nuko ni mumwake italanto, muyihe ūfise italanto cumi. 29. Kuk’ ūfise wese azohabga, asesekarizwe: arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ afise. 30. N’uyo muntu wanje w’imburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


@ZeKrtvBible



Support the show